Umutegetsi wo muri Al-Shabab yayitorotse

Somaliya minisitiri w’itumanaho Omar Osman, yatangaje ko hari umutegetsi wo mu mutwe al-Shabab watorotse uwo mutwe, ubu akaba ari mu maboko y’igisirikare cya Reta, I Mogadiscio k’Umurwa mukuru wa Somaliya.
Jenerari Mohamed Ahmed, umutegetsi mu gisirikare cya Somaliya yatangaje ko uwo murwanyi yari yoherejwe mu ntara ya Hiran, hari intara nini isanzwe ibamwo abantu benshi, gukorerayo ibitero, muri iki gihe aba isilamu bari mu gifungo.

Jenerari Ahmed uri mu maboko ya gisirikare kandi avuga ko uwo murwanyi yarayoboye intara eshatu zirimo abarwanyi ba al-Shabab.
Previous
Next Post »