Jean Baptiste Bagaza Yitavye Imana
Umugambwe yari yarashinze Parena hamwe n’ amashirahamwe yigenga, bose bavuga kw’igihugu kibuze umugabo atar’ umugayo, yateje imbere igihugu, agatuma abahutu n’abatutsi basubiza hamwe, akarinda igihugu kugwa mu kaga k’intambara.
Mu itangazo Reta y'Uburundi ivuga ko igihugu kibuze umugabo yagiriye akamaro igihugu; umukozi kirangiranwa yaranguye vyinshi mu gihe yamaze ku butegetsi birimwo guteza imbere ubutunzi bw’igihugu kwubaka igihugu hamwe no kunywanisha abarundi.
Reta y’Uburundi yarafashe ingingo yo gutangura ikigandaro kizomara imisi itatu co kwunamira umuhisi, amadarapo y’Uburundi akazoguma adugijwe gushika hagati gusa.
Bagaza yavutse mu mwaka w’1946. Yatwaye Uburundi kuva mu mwaka w’1976 akuye ku butegetsi Michel Micombero, gushika mu mwaka w’1987, igihe nawe yakurwa ku butegetsi na Majoro Pierre Buyayo, ari mu rugendo mu gihugu ca Canada.
Kuv’ ico gihe yabaye mu buhungiro mu bihugu vya Libya na Ouganda gushika mu mwaka w’1993.
Mu mwaka w’1994 yarashinze umugambwe Parena. Bagaza yitabye Imana ar’umukenguzamateka.
Abatavuga rumwe na leta bahurikiye mu runani CNARED- Giriteka basohoye itangazazo rihoza umunyango wa nyakwigendera hamwe n’abanyapolitike bose bari basangiye umgambwe n’ivyiyumviro vya politike.
CNARED ivugako ibuze umwe mu bagabo b’ijunja, bari basangiye urugamba rwa politike.
ConversionConversion EmoticonEmoticon